WebRwanda.com

πŸ”’
❌
There are new available articles, click to refresh the page.
Yesterday β€” May 19th 2018IGIHE Burundi

Ubwongereza : Umuganwa Harry yambikanye impeta n'umugore wiwe Meghan

By MUGISHA Van

Umuganwa wo mu Bwongereza Harry yambitse impeta umupfasoni wiwe Meghan mu birori vyabereye mu misa, yabereye mw'isengero rya St George riri i Windsor.

- Mu makungu /

Umugambwe FNL umenyesha ko wemera ivyavuye mu matora y'ibwirizwa nshingiro

By MUGISHA Van

Umukuru w'umugambwe FNL , amenyesha ko amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro yagenze neza mu gihugu cose. Jacques BIGIRIMANA, avuga kandi ko umugambwe arongoye wemera ibiharuro vy'imfatakibanza bimaze gutangazwa.

- Poritike /

CUBA : Abantu 100 bahitanywe n'isanganya ry'indege

By MUGISHA Van

Abantu 100 nibo bapfuye inyuma y'isanganya ry'indege yo mu bwoko bwa Boeing 737 yaguye inyuma y'umwanya muto ihagurutse ku kibuga c'indege ca Jose Marti International Airport i Havana mu gihugu ca Cuba.

- Mu makungu /

FFB yasiguye icatumye umurwi nserukiragihugu w'Uburundi utebera ku kibuga c'indege ca Sudani

By MUGISHA Van

Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Burundi FFB(Federation du Football du Burundi) rimenyeshako icatumye umurwi nserukira gihugu umara amasaha 7 ku kibuga c'indege ca Karthoum , atari ikosa ry'igihugu ca Soudan canke ishirahamwe ryaho rijejwe umupira ,ariko vyatumwe n'ishirahamwe ryakoze amatike ryahinduye uko urugendo ruzogenda ariko ntiryabimenyesha abo vyega.

- FOOTBALL /

Urunani rw'Abigenga Amizero y'Abarundi ntirwemera ibizova mu matora y'ibwirizwa nshingiro

By MUGISHA Van

Urunani rw'Abigenga Amizero y'Abarundi rumenyesha ko rutazokwemera ibiharuro b'ishobora gushikirizwa ko vyavuye mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro. Urwo Runani rusaba umurwi CENI gukora ataho uhengamiye, ugire kandi impfagusa ibiharuro bizova mu matora, mu gutunganya bushasha amatora yisunze itegeko rigenga amatora mu Burundi.

- Poritike /

Umugambwe UPRONA usaba impande zose kwemera ibizova mu matora

By MUGISHA Van

Inyuma y'amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro yo kur'uno wa kane igenekerezo rya 17 Rusama 2018, umugambwe UPRONA uhamagarira abitavye amatora kwemera ibizoyavamwo.

- Poritike /
Before yesterdayIGIHE Burundi

Ibiharuro mfatakinza : Ego yatsinze ku majwi 73,18 kw'ijana, Oya ku majwi 19,6 kw'ijana

By MUGISHA Van

Inyuma y'ibiharuro vyatororokanijwe mu ntara zose vyerekana ivyavuye mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro yabaye kur'uno wa kane igenekerezo rya 17 Rusama 2018, ibiharuro vy'umurwi utegura amatora ku rwego rw'igihugu CENI, vyerekana ko Ego yatsinze ku majwi 73,18 kw'ijana, mu gihe Oya yaronse amajwi 19,6 kw'ijana, mu ntara 18 zigize igihugu.

- Poritike / ,

Igihugu c'Ubudagi gisaba Reta y'Uburundi kubandanya ishira mu ngiro amasezerano ya Arusha

By MUGISHA Van

Inyuma y'amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro, igihugu c'Ubudagi gisaba Reta y'Uburundi kubandanya yubahiriza kandi ishira mu ngiro amasezerano ya Arusha nk'inkingi y'amahoro, intwaro rusangi n'umutekano w'Uburundi.

- u Burundi /

Umurwi ndangakaranga ''Amagaba'' ugiye kuremesha igiteramo wise ''Umukozo''

By MUGISHA Van

Umirwi ndangakaranga β€˜'Troupe Amagaba'' uriko urategura igiteramo ndangakaranga kizobera mu gisagara ca Bujumbura, kw'igenekerezo rya 8 Ruheshi 2018, mu nyubakwa z'ikigo ndangakaranga k'abafaransa. Jean Claude NIYUHIRE arongoye umurwi Amagaba ahamagarira umuntu wese akunda akaranga k'Uburundi kuhashika kugira abone urugero akaranga k'Uburundi kagezeko.

- Umuco /

Chili : Abasenyeri bose b'ishengero katorika bandikiye Papa bamumenyesha ko batanze imihoho

By MUGISHA Van

Abasenyeri bose bo mu gihugu ca Chili, bandikiye umwungere w'ishengero katorika kw'isi bamumenyesha ko batanze imihoho.

- Mu makungu /

Ibiharuro mfatakibanza vy'ivyavuye mu matora mu ntara 12 vyamenyekanye

By MUGISHA Van

Inyuma y'amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro yabaye kur'uno wa kane igenekerezo rya 17 Rusama 2018, ibiharuro mfatakibanza vy'ivyavuye mu matora vyamaze kumenyekana.

- Poritike /

Sudani : Abakinyi b'intamba mu Rugamba bamaze amasaha arenga indwi ku kibuga c'indege

By MUGISHA Van

Abakinyi b'umurwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba w'abadashikana imyaka 20, bari mu gihugu ca Sudani aho bagiye gukina urukino rwo gusubiriza. Amakuru dukesha umwe mu bagiye baherekeje uwo murwi, amenyesha ko abo bakonyi bashitse neza ariko bamaze amasaha indwi bari ku kibuga c'indege.

- FOOTBALL /

USA : Ikigo kijejwe igendereza kigiye gutwarwa ubwa mbere n'umugore

By MUGISHA Van

Ikigo CIA kijejwe igendereza rya Amerika kigiye gutwarwa ubwa mbere n'umugore
Gina Haspel,inyuma yaho uwahora akirironggoye Mike POMPEO agenywe kuba umushikiranganji w'imigenderanire w'ico gihugu n'ayandi makungu.

- Mu makungu /

Umurwi Islamic State wagabishije Cristiano Ronaldo na Lionel Messi ko bashobora kwicirwa mu Burusiya

By MUGISHA Van

Abagize umurwi w'iterabwoba wiyitirira Reta yakisiramu Islamic State bashize ahabona amashusho aburira abakinyi Cristiano Ronaldo na Lionel Messi hamwe n'abazokwitaba inkino z'igikombe c'isi kizobera mu Burusiya, ko bashobora kuzokwitabirayo Imana.

- Amahiganwa /

18 Rusama

Igenekerezo rya 18 Rusama.
Ibikurubikuru vyaranze iyi tariki
2012 : Ishirahamwe rya Facebook ryinjira kw'isoko ry'imitahe ry'i New York.
Abazwi cane bavutse kw'igenekerezo nkiri
1868 : Nicole II wo mu Burusiya, umwami wanyuma w'Uburusiya.
1920: Jean Paul II, umu papa kuva 1978 gushika 2005.
1927: François Nourissier, umwanditsi w'umufaransa.
1933: Bernadette Chirac, umutambukanyi w'uwahoze ari umukuru w'igihugu c'Ubufaransa Jacques Chirac.
1960 : Yannick Noah, umukinyi wa tennis akongera (...)

- Akahise /

Ibiharuro mfatakibanza vy'ivyavuye mu matora vyatanguye kuja ahabona

By MUGISHA Van

Inyuma y'amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro yabaye kur'uno wa kane igenekerezo rya 17 Rusama 2018, mu ntara zitandukanye z'igihugu ibiharuro mfatakibanza vyatanguye kuja ahabona.

- Poritike / ,

Karusi : Sentare nkuru yaciriye gupfungwa amezi atatu uwagirizwa gutabura ikarata y'itora

By MUGISHA Van

Sentare nkuru ya Karusi yahanishije umunyororo w'amezi atatu, umugabo yagirizwa gutabura ikarata y'itora imbere y'abaje gutora.

- Ubutungane /

Ruyigi : Babiri bagirizwa gutabura ikarata y'itora baciriwe gupfungwa imyaka ibiri

By MUGISHA Van

Sentare Nkuru y'intara ya Ruyigi, yaciriye igihano co gupfungwa imyaka ibiri, abagabo babiri bagirizwa gutabura ikarata y'itora kugira basohokane agace kamwe.

- Ubutungane /

Mukaza: Sentare nkuru yaciriye gupfungwa amezi atatu uwagirizwa gutora kabiri

By MUGISHA Van

Sentare Nkuru y'igihugu ya Mukaza yahanishije umunyororo w'impaga umugabo yagirizwa gutora incuro zibiri mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro yabaye kur'uno wa kane igenekerezo rya 17 Rusama 2018.

- Ubutungane /

FIFA: Intamba mu rugamba zatakaje ikibanza kimwe ku rutonde rwa FIFA

By MUGISHA Van

Umurwi nserukiragihugu w'Uburundi Intamba mu Rugamba watakaje ikibanza kimwe, ku rutonde rwama rusohorwa n'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru kw'isi FIFA.

- FOOTBALL /
❌