Mu gihe reta yafashe ubutegetsi muri Mali yavuze ko yifuza gutangira kuganira n'imitwe yose yitwaje intwaro, Ubufaransa busanzwe bufite abasirikare barenga 5 000 mu gihugu buvuga ko bahagaritse ibiganiro n'abarwanyi bo mu mutwe ya kisilamu.
Abarwanyi b'abayisilamu bamaze imyaka barwana na reta ya Mali, nta kimenyetso bagaragaza ko gushaka kurangiza intambara, ndetse n'inyuma y'ikurwa ku butegetsi rya Perezida Ibrahim Boubacar Keita.
Perezida w'Ubufaransa, Emmanuel Macron aherutse kuvuga ko nta kindi abakora iterabwoba bakwiye atari ukubarwanya.
Abasesenguzi bamwe bavuga ko ibyashikirijwe na Macron bica intege intabwe yarimaze guterwa n'ubutegetsi busha bwa Mali yo kuganira n'imitwe y'intagondwa za kisilamu.
Inyuma y'amasezerano y'amahoro yasinyiwe muri Aljeriya, imitwe yitwaje intwaro yari yitezwe kwiyunga n'igisirikare cy'igihugu. Inyuma y'imyaka itanu ayo masezerano asinywe, nta ntambwe ziboneka ziragerwaho mu kuyashira mu bikorwa.
Mu gihe abasirikare b'Abafaransa barenga 50 bamaze gupfira muri ako karere, abakurikiranira hafi ibibera mu karere bavuga ko Ubufaransa bwaba buri gutekereza gucyura abasirikare babwo no kubuza ibindi bihugu by'iburayi kuva muri urwo rugamba.