Amakuru yerekana ko iyi modoka-ndege yamaze gusohoka aho yanakorewe igeragezwa ikagenda mu kirere hafi iminota 40. AirCar (Imodoka-ndege) yageragerejwe ku kibuga cy'indege mpuzamahanga muri Nitra na Bratislava ho muri Slowakiya.
Indege ya Hybrid-AirCar, ifite moteri ya BMW kandi ikoresha lisansi isanzwe nk'izindi modoka. Uwayiremye, Prof Stefan Klein, yavuze ko ishobora kuguruka nko mu bilometero 600, ku burebure bwa 2,500m, kandi ikaba yaramaze amasaha 40 mu kirere. Mu kirere, iyi modoka yageze ku muvuduko wa kilometero 170km / h. Ishobora gutwara abantu babiri, hamwe n'uburemere bw'ibiro 200.Â
Iyi modoka yogogana ikirere n'indege nk'ibisanzwe