Rwanda-Burundi inyeshyamba 19 zafatiwe mu Rwanda zashikirijwe reta yu Burundi. #rwanda #RwOT

webrwanda
0

Uburundi bwashikirijwe abavuga ko ari abarwanyi 19 bo mu mumutwe wa  Red Tabara bari bafatiwe mu Rwanda mu kwezi kwezi kwa cyenda  mu 2020, ico gikorwa kikaba cabereye ku mupaka wa Gasenyi/Nemba

Uruhande rw'Uburundi ruvuga ko rwashikirijwe 'aba babarizwaga mumutwe winyeshamba'

Abo bantu ahanini bagizwe n'abagabo bakiri bato bashikirijwe umukuru w'igisata c'iperereza mu ngabo z'Uburundi, Colonel Ernest Musaba, na mugenziwe ushinzwe imirimo nk'iyo mu ngabo z'Urwanda Brig. Gen Vincent Nyakarundi, nk'uko byatangajwe n'ibinyamakuru byo mu Rwanda Igihe.com na New Times.

Bubicishije ku rubuga rwa Twitter, ubuyobozi mu igihugu cy'uburundi buvugako Urwanda rwashikirije Uburundi inkozi zibibi 19 z'abarundi zari zahungiye muri ico gihugu zimaze  gukora amabi'.

Hari kandi n'abahagarariye urwego ruhuriweho rwo gusuzuma ibibazo by'umutekano ku mipaka mu bihugu by'akarere mu rwego rw'inama mpuzamakungu y'ibihugu by'ibiyaga binini CIRGL/ICGLR (Expanded Joint Verification Mechanism EJVM canke Mechanisme Conjoint de Verification MCVE).

Abo basirikare  bari bafatiwe muri segiteri ya Ruheru muri district ya Nyaruguru mu Rwanda mu kwezi kwa cyenda  2020.

Bikimenyekana ko bafashwe, Uburundi bwari bwasabye Urwanda ko rwabubashikiriza hatajyize izindi nzira binyuzemo.

Red Tabara n'umwe mu mitwe ivuga ko irwanya  reta y'Uburundi ishingiye cane cane mu gihugu kibanyi ca Republika ya Democrasi ya Congo. 

Reta y'Uburundi ivuga ariko ko bamwe binjiye muri iyo mitwe  bava iyo bari barahungiye mu Rwanda na cane cane inyuma y'igeregezwa ryo gushaka guhirika ubutegetsi mu Burundi mu kwezi kwa gatanu mu 2015.

Reta y'Urwanda ibyo irabihakana, gusa imigenderanire hagati y'ibyo bihugu yakomeje kugenda irimo agatotsi.

Reta y'Urwanda nayo yavuze akatari gake ko abarwanyi  bomumutwe wa FLN uyirwanya bagaba ibitero biva  ku butaka bw'Uburundi aho bafite ibirindiro.

Na reta y'Uburudi ibyo yakomeje kubirwannya ibihakana ko atari byo na gato.

Ariko kuva mu mwaka ushize hamaze guterwa intambwe nyinshi zo kuzura umubano hagati yabarundu n'abanyarwanda.

Kimwe mu byagaragaje nk'ikimenyetso gikomeye ko intambwe igeze kure rwabaye urugendo rwa ministre w'intebe w'Urwanda mu Burundi.

Edouard Ngirente yahagarariye igihugu ciwe mu birori byo kwishimira imyaka 59 Uburundi bumaze bwikukiye itariki ya mbere ukwezi kwa karindwi  uwu mwaka i Bujumbura.



Source : https://kigalinews24.com/2021/07/31/rwanda-burundi-inyeshamba-19-zafatiwe-mu-rwanda-zashikirihwe-reta-yu-burundi/

Post a Comment

0Comments

Post a Comment (0)