WebRwanda.com

🔒
❌
There are new available articles, click to refresh the page.
Yesterday — July 20th 2018IGIHE Burundi

FDNB ivuga ko ata murwi witwaje ibirwanisho uri ku mbibe z'igihugu

By vianney

Igisirikare c'Uburundi FDNB(Force de Defense Nationale du Burundi) kimenyeshako ata murwi canke abantu bitwaje ibigwanisho kirabona k'urubibe igihugu c'uburundi gihana n'igihugu c'Urwanda.

- umutekano /

Amafaranga abanyeshure bo mw'ishure nshingiro n'inyuma yaryo bazotanga yashizwe ahabona

By vianney

Ubushikiranganji bw'indero bufadikanijwe n'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu bwasohoye itegeko rigenga amafaranga y'ishure abanyeshure babwirizwa gutanga aho umunyeshure yiga mw'ishure ry'indaro wo mw'ishure nshingiro rya Reta azotanga amafaranga angana ibihumbi 47 vy'amafaranga y'amarundi ku gice.

- Indero /

Jean Berchimas NIYONZIMA : «Ibidandazwa biragurishwa ariko nta mpapuro zivyerekana zitangwa.»

By vianney

Umuyobozi ajejwe amatagisi yo hagati mu gihugu mu kigo OBR,Jean Berchimas NIYONZIMA amenyeshako umudandaza afashwe adandaje ibidandazwa ntatange urupapuro rwerekana ivyo yadandaje n'amafaranga yabidandaje ko bita « Facture » acibwa ihadabu ingana na 20 kw'ijana y'amafaranga ibidandazwa biba vyadandajwe.

- Ubutunzi /

REGIDESO ivuga ko umuyagankuba utazotangwa neza mu bice vya "industriel” n'ibice bimwe vya Mukaza

By vianney

Ishirahamwe rijejwe gutanga amazi n'umuyagankuba REGIDESO rimenyeshako itangwa ry'umuyagankuba ritazogenda neza mu bice bimwe vya komine Mukaza no mu bice bita “industrielle”kumusi wa gatandatu kw'igenekerezo rya 21 Mukakaro 2018

- ishirahamwe /

Australie: Umushikiranganji wa mbere yasavye papa kwirukana musenyeri Philip Wison muri Ekereziya Gatorika

By vianney

Umushikiranganji wa mbere w'igihugu ca Australie ,Malcolm TURNBULL yasavye umwungere mukuru wa Ekereziya Gatorika kw'isi Papa Francis kwirukana muriryo shengero, umusenyeri mukuru waryo muri Australie, Philip Wilson yagirijwe n'ivyiha vyo kunyegeza amakuru ajanye n' ibikorwa vy'ihohotera rishingiye ku gitsina umupatiri yakorera abana b'abahungu.

- Mu makungu /

OLOCUME isaba reta y'Uburundi gushira k'uruhande imvugo za poritike yitwararike abana bafungura nabi

By vianney

Ishirahamwe ryishinze kurwanya igiturire n'abasesagura amatungo ya Reta OLUCOME rimenyeshako ryakiranye umubabaro kubona igitigiri c'abana bugarijwe no gufungura nabi mu gihugu baguma biyongera kandi baca babangamirwa n'ingwara zitandukanye.

- ishirahamwe /
Before yesterdayIGIHE Burundi

CPP Melchiade RUCEKE: “Amasakwa-suzuma 4131 niyo yakozwe mu gihugu cose mu mezi atatu aheze.”

By vianney

Ubushikiranganji bw'umutekano hamwe no kugwanya ibiza bumenyeshako amasaka suzuma 4131 ariyo yakozwe mu mezi atatu aheze kandi ico gikorwa catumye inkozi z'ikibi hamwe n'ibirwanisho bicira umuriro bifatwa.

- umutekano / ,

USA: Donal Trump yisubiyeko kuvyo yaheruka gushikiriza

By vianney

Umukuru w'igihugu wa Reta zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump yamenyesheje ko yemera ingingo yafashwe n'inzego zijejwe igendereza mu gihugu ciwe ko igihugu c'Uburusiya civanze mu matora y'umukuru w'igihugu yaho muri Amerika yatunganijwe mu mwaka wa 2016.

- Mu makungu /

Mpimba: Abafungwa 48 barekuwe ku musi wahariwe Nelson MANDELA

By vianney

Icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu Gaston SINDIMWO yifadikanije kuruno wa gatatu igenekerezo rya 18 Mukakaro 2018 n'imfungwa zo mw'ibohero rikuru rya Mpimba, mu ntumbero yo guhimbaza umusi mukuru wahariwe Nelson Mandela yahoze arongoye igihugu ca Afrika y'epfo.

- Ubutungane /

Umukuru w'igihugu Pierre NKURUNZIZA yatunganije inama na ba buramatari b'intara

By vianney

Umukuru w'igihugu c'Uburundi Pierre NKURUNZIZA yatunganije kuruyu wa gatatu igenekerezo rya 18 Mukakaro 2018,inama na ba buramatari b'intara zose z'Uburundi bimwe muvyo barabiye hamwe bijanye n'umutekano,gukingira ibidukikije ,ibijanye n'umusi wahariwe amakomine ,gufatana mu nda hamwe n'ibindi.

- Intwaro ibereye /

PARCEM ivuga ko igisata c'abikorera utwabo mu gihugu kigoyagoya

By vianney

Ishirahamwe ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo n'ivyiyumviro PARCEM rimenyeshako igisata c'abikorera utwabo mu Burundi kigoyagoya mu gihe arico gifitiye akamaro kanini igihugu kuko iyo abikorera utwabo batariko barakora ata kintu na kimwe gishobora gutera imbere.

- ishirahamwe /

Higher Life Foundation ryarifatanije n'abanyeshure b'ishure rya Kirombwe mu gikorwa co gutera ibiti

By Jean De Dieu

Dr. Kennedy Mubaiwa aserukira kw'isi yose ishirahamwe Higher Life Foundation yaragendeye kuruyu wa gatatu igenekerezo rya 12 Mukakaro 2018,ishure ryisumbuye rya Kirombwe ryo muri zone Muyira komine Kanyosha intara ya Bujumbura mu ntumbero yo kwirabira ishirwa mu ngiro ry'ibikorwa iryo shirahamwe risanzwe rifasha rifatanije na Econet Leo.

- ECONET Leo / ,

Nijeriya: Abantu 40 bahitanywe n'umwuzure

By vianney

Abantu 40 nibo bapfuye bahitanywe n'umwuzure inyuma y'imvura nyinshi yaguye mu gisagara ca Jibia kiri mu ntara ya Katsina mu buraruko bw'igihugu ca Nijeriya hafi n' n'igihugu ca Niger.

- Muri Afrika /

Kirundo: Umuntu umwe mu bagavye ibitero yafashwe

By vianney

Umuntu umwe muri batatu bagirizwa ibitero bibiri vyabaye muri Komine Kirundo na Komine Vumbi ku maganekerezo ya 6 na 9 Mukakaro 2018, yafashwe n'inzego zijejwe umutekano kuruyu w'Imana igenekerezo rya 15 Mukakaro 2018.

- umutekano /

Uwahora ari umukuru wa Sahwanya FRODEBU yagenywe kuwuserukira i Buraya

By vianney

Frédéric BAMVUGINYUMVIRA yahora arongoye umugambwe Sahwanya FRODEBU yagenywe n'umukuru w'uyo mugambwe kugira awuserukira k'umugabane wa Buraya mu mazinga ya Caraibe hamwe no mu mazinga ya Pacifique.

- Imigambwe /

The Peace Seminar Aims for Achievement of Peace and Development in South Sudan

By Jean De Dieu

The Peace Seminar Aims for Achievement of Peace and Development in South Sudan
- Opened for the students in Yei, Juba, South Sudan on June-

- ishirahamwe /

“I lost my family and my life has changed since the day.”

By Jean De Dieu

“I lost my family and my life has changed since the day.” Coercive Conversion Questions the Meaning of Religion​

- ishirahamwe /

CoupeDuMonde2018: La victoire des bleus en finale bien fêtée avec PRIMUS

By Jean De Dieu

La coupe du monde de 2018 est bien arrivée à sa fin, les Français de Didier Deschamps ont remporté la victoire avec un score justifié de 4-2 de l'équipe Croate guidée par son capitaine Luka Modric, élu sacré meilleur joueur du tournoi. À Bujumbura, les bars étaient plein à craquer et cela grâce aux tombolas sur les produits PRIMUS. La fête était assurée.

- FOOTBALL /

Sudani y'epfo:Umukuru w'igihugu Salva Kiir yongewe ikiringo co gutwara

By vianney

Inama nshingamateka y'igihugu ca Sudani y'epfo yaremeje ingingo yo kwongera ikindi kiringo umukuru w'igihugu Sava Kiir gushika mu mwaka wa 2021 inyuma yaho ibikorwa vyo gutunganya amatora y'umukuru w'igihugu uyu mwaka ataco vyavuyemwo.

- Muri Afrika /

Umushikiranganji Thaddée NDIKUMANA aremeza ko hari ibura ry'imiti imwimwe

By vianney

Umushikiranganji w'amagara y'abantu no kugwanya Sida ,Thaddée NDIKUMANA amenyeshako naho hibonekeza ibura ry'imiti imwimwe mu gihugu bafashe ingingo hamwe n'intumbero kugira imiti nkenerwa igume iboneka k'urugero rukwiye.

- Amagara y'abantu /

Thaddée NDIKUMANA : Mu mezi atatu aheze twashoboye kuronsa abana barenga imiriyoni 4 umuti uvura ingwara zo mu nda “Albendazole”

By vianney

Ubushikiranganji bw'amagara y'abantu no kugwanya ingwara ya Sida bumenyeshako mu mezi atatu aheze bwashoboye kuronsa abana barenga imiriyoni 4 umuti uvura ingwara zo mu nda “Albendazole”.

- Amagara y'abantu /

USA:Umwigeme avuga ko yagendanye na Donald Trump yatawe muri yompi

By vianney

Umwigeme Stormy DANIELS akina amasinema yibiterasoni ,yatawe muri yompi ari mu butambiro ahitwa Columbus mugihugu ca Ohio muri Reta zunze Ubumwe za Amerika.

- Mu makungu /

Umuhuza Edouard NDUWIMANA yatowe kurongora ishirahamwe AOMA

By vianney

Umuhuza w'igihugu c'Uburundi Edouard NDUWIMANA niwe yaraye atowe kugira arongore vy'imfatakibanza ishirahamwe ry'abahuza bo muri Afrika AOMA(Associatio des Ombusdsmans et Mediateurs Africains) rihurikiyemwo ibihugu 14

- Intwaro ibereye /

CoupeDuMonde2018: La Croatie s'impose face à l'Angleterre, une victoire fêtée avec PRIMUS

By Jean De Dieu

Au deuxième match de la demi-finale de la coupe du monde, l'équipe Croate guidée par son emblématique capitaine Luka Modric et ses alliés n'ont pas laissé le choix aux Anglais d'Harry Kane en arrachant une victoire pas très facile sur le score de 2-1 en prolongation. À Bujumbura, des plaisirs des uns et désolations des autres se sont soldés sur une ambiance marquée par des Tombola promotionnelles autour du produit PRIMUS de la BRARUDI.

- FOOTBALL /

Kenya:Abanyagihugu barababajwe n'abanyeporitike bakoresheje amafaranga ya Reta

By vianney

Abanyagihugu muri Kenya barababajwe kubona abashingamateka hamwe n'abakenguzamateka bo murico gihugu bashika 20 bakoresheje amafaranga ya Reta kugira baje mu gihugu c'Uburusiya kurorera inkino z'igikombe c'isi ziriko zirahabera.

- Ubuseruko /

Umukuru w'igihigu yahaye umubonano abahuza 13 bo muri Afrika

By vianney

Umukuru w'igihugu c'UBurundi Pierre NKURUNZIZA yahaye umubonano kuruno wa kane igenekerezo rya 12 Mukakaro 2018 abahuza bo muri Afrika 13 bahurikiye mw'ishirahamwe AOMA (Association des Ombudsmans et Mediateurs Africains) basanzwe baje mu nama yabo igira ya 14 hano i Bujumbura.

- Intwaro ibereye /

Uburundi bwakiriye inama igira 14 y'ishirahamwe ry'abahuza muri Afirika « AOMA »

By vianney

Uburundi bwakiriye inama igira iya 14 y'isihirahamwe ry'abahuza bo muri Afrika AOMA (Association des Ombudsmans et Mediateurs Africains) mu ntumbero yo gutegura inama yimirije y'iryo shirahamwe yo gutora inzego nshasha zizosubirira iziriho ubu.

- Intwaro ibereye /

Bujumbura: REGIDESO ivuga ko hari ibikorwa bizotuma itangwa ry'amazi ritagenda neza muri Mukaza na Muha

By vianney

Ishirahamwe rijejwe gutanga amazi n'umuyagankuba REGIDESO rimenyeshako ku magenekerezo ya 12 na 13 Mukakaro 2018 itangwa ry'amazi ritazogenda neza mu makomine ya Muha na Mukaza kubera ibikorwa vyo gusanura bitegekanijwe k'umuhora uherereye hagati mu gisagara ca Bujumbura.

- ishirahamwe /

Abantu 51 bahungutse bakiriwe ku kibuga c'indege ca Bujumbura

By vianney

Abarundi 51 nibo bahungutse kuruno wa gatatu igenekerezo rya 11 Mukakaro 2018,bavuye mw'ikambi y'impunzi y'i Kakuma yo mu gihugu ca Kenya.

- Imibano /

CoupeDuMonde2018: Umunezero na PRIMUS ku ntsinzi y'ubufaransa

By Jean De Dieu

Mu gihe ubufaransa n'umumenyereza bwaraye butahukanye intsinzi mu gice gishira icanyuma c'igikombe c'isi yose aho Didier Deschamp, umumenyereza w'Ubufaransa, batsinze igitsindo 1-0 umugwi w'Ububirigi wa Thierry Henry, icegera c'umumenyereza . Abakunzi b'umupira w'amaguru bagaragaje umezero n'urukundo biciye mu kinyobwa PRIMUS.

- FOOTBALL /

Rumonge: Umuntu umwe yakomerekejwe n'igisasu ntezwantoke

By vianney

Umuntu umwe niwe yakomeretse inyuma yaho hatewe mw'ibarabara ibibasu ntezwantoke bibiri muri karitiye ya Nkayamba mu gisagara ca Rumonge mw'ijoro ryo kuruyu wa kabiri buca ari ku wa gatatu.

- umutekano /

Faustin NDIKUMANA: “Igwirirana ry'abantu riteye impungenge mu gihugu.”

By vianney

Ishirahamwe ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo n'ivyiyumviro PARCEM rimenyeshako reta y'Uburundi ikwiye gushiraho poritike yerekana uko imibereho y'abanyagihugu ikwiye kugenda “Politique de la population” kugira bifashe guteza imbere umunyagihugu kuko igwirirana ry'abantu riteye impungenge mu gihugu.

- ishirahamwe /

La France en finale, une demi-finale bien célébrée avec PRIMUS

By Jean De Dieu

La demi-finale de la coupe du monde jouée dans la soirée de ce mardi 10 juillet, opposant les bleus de Didier Deschamps aux diables rouges de Thierry Henry, adjoint de l'entraineur des Belges, a été un exploit de l'ancien capitaine des bleus, et une aventure avortée du meilleur buteur de tous les temps de l'équipe de France. Au coup de sifflet final, 1-0 en faveur des bleus. Bujumbura n'a pas manqué à cette joie du ballon rond, une joie offerte par PRIMUS, par le biais de «Primus Ubugenzi Mw'ihiganwa» en collaboration avec Buja FM, et offrant des promotions dans les différents bars de Bujumbura, et plusieurs lots sont à la portée des amoureux du ballon rond.

- FOOTBALL /

11 Mukakaro

Igenekerezo rya 11 Mukakaro .
Ibikuru bikuru vyaranze kw'igenekerezo nk'iri
1533: Umwami Henri w'8 w'Ubwongereza yirukanwa muri Ekereziya Katorika.
1995: Haba ubwicanyi butagira izina bw'i Srebrenica.
Abazwi cane bavutse kw'igenekerezo nk'iri
1767: John Quincy Adams, uwabaye umukuru w'igihugu wa 6 w'iigihugu ca
Leta Zunzubumwe z'Amerika.
1899: E.B. White, umwanditsi w'umunyamerika.
1916: Alexandre Likhaïkovitch Prokhorov, umuhinga muri physique
akomoka mu Burusiya.
1934: Giorgio Armani, (...)

- Akahise /

Vumbi-Kirundo: Umuntu umwe yishwe uwundi arakomereka mu gitero c'abasuma

By vianney

Umuntu umwe niwe yishwe uwundi arakomeraka mw'ijoro ryo ku wa mbere buca ari kuruyu wa kabiri igihe c'isaha imwe n'inusu z'ijoro ,inyuma yaho abasuma 3 bitwaje ibigwanisho bagavye igitero ku nzu y'ubudandarizo y'uwitwa Pierre NGARAMA afise imyaka 39 aba k'umusozi Rwisuri komine Vumbi mu ntara ya Kirundo.

- umutekano /

RDC: Reta yasibije urugendo rwa Antonio Guterres,Nikki Haley hamwe na Moussa Faki Mahamat

By vianney

Umukuru w'igihugu wa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo,Joseph KABILA yasibije urugendo rw'umunyamabanga mukuru wa Onu,urw'umukuru w'umurwi w'umuryango w'ubumwe bw'ibihugu vya Afirika hamwe n'urugendo rw'uwuserukira Reta ya Amerika mw'ishirahamwe mpuzamakungu Onu bategekanya gukora i Kinshasa.

- Muri Afrika /

Rugazi: Umwigisha yahonzwe ikibuye mu mutwe n'umunyeshure yigisha

By vianney

Umwigisha yitwa Hamadi BUKURU niwe yaraye ahonzwe ibuye mu mutwe n'umunyeshure yitwa Ernest BANZUBAZE ejo ku musi wa mbere kw'ishure ry'isumbuye rya komine Rugazi mu ntara ya Bubanza amuhoye ko ariwe yamuyobeje kw'ishure.

- umutekano /

CoupeDuMonde2018: Urukino rwa mbere rw'igice ca kabiri gishira icanyuma ruratangura

By vianney

Urukino rw'igice ca kabiri gishira icanyuma mu gikombe c'isi yose kiriko kibera mu gihugu c'Uburusiya ,rurategekenijwe kuruyu wa kabiri igenekerezo rya 10 Mukakaro 2018 rukaza guhuza igihugu c'Ubufaransa hamwe n'umurwi nserukiragihugu w'Ububirigi igihe c'isaha zibiri z'ijoro.

- FOOTBALL /

Abanyeshure bahevye ishure n'abaronse amanota mabi mu ndero amanota baronse mu kibazo ca Reta azoba impfagusa

By vianney

Ubushikiranganji bw'indero n'inyigisho z'imyuga bamenyeshako abanyeshure bo mu mwaka w'icenda baheba ishure hamwe n'abadafise amanota asabwa mu ndero,amanota baronse mu kibazo ca Reta gitanga uburenganzira bwo kuja mu gice ca kabiri c'ishure nshingiro "Concours National "azoba impfagusa.

- Amashuri / ,

10 Ruheshi

Igenekerezo rya 10 Ruhenshi.
Ibikuru bikuru vyaranze kw'igenekerezo nk'iri
1793: Havuka Iratiro rya kahise ry'i Paris. Aho ni mu gihugu c'Ubufaransa.
1829 : Haba ihiganwa mu mato rya mbere hagati ya kaminuza ya
Cambridge na Oxford.
1940 : Mussolini amenyesha ko atanguye indwano n'igihugu c'Ubufaransa.
uwuzwi cane yavutse kw'igenekerezo nk'iri
1985: Andy Schleck, umunonotsi asiganwa ku makinga wo muri Luxembourg.
Abazwi cane bitavyimana kw'igenekerezo nk'iri
1560: Marie De Guise, (...)

- Akahise /
❌